Vitalo fc yatanguye neza mu gutsinda Liorri 2-1

0

Umugwi wa Vitalo fc usanzwe urongowe na Benjamin Bikorimana watanguye neza inkino za Afrika aho mu rukino rwabo rwa mbere rwabaye kuri uno munsi muri ico gihugu ca lesotho umugwi wa Vitalo washoboye gutsinda umugwi wa Liorri wo muri ico gihugu ibitsindo 2-1,ibitsindo vyatsinzwe na Laudit Mavugo hamwe na Hussein Tchabalala
vitalo fc
Nyuma y’ugwo rukino tukaba twagerageje kuvugana n’umumenyereza wuyo mugwi Etienne Ndayiragije aho yashoboye kutumenyesha ko naho batsinze urukino rw’uno munsi ko bitarahera kuko haracasigaye urukino rwo gusubiriza ruzobera i Bujumbura kw’igenekerezo rya 28/2/2015

Tworangiza tubamenyesha ko uyo mugwi wa Vitalo fc utegekanijwe kugaruka hano mu gihugu ku munsi wa gatatu.