Umugwi Qui Kick Ca Slam uriko ukorana na Emery Sun

0

Umugwi Qui Kick Ca Slam n’umugwi w’imisore n’abigeme bafise ingabirano idasanzwe,bakaba basanzwe bivuga amazina mu rurimi rw’igifaransa,muri kino gihe uyo mugwi uri mu nzu ihinyanyura indirimbo ya Maibobo Record aho bariko barakora slam n’ muririmvyi yamenyekanye cane ku ndirimbo nka:Yaco umbipa,ikidodo,ijisho ry’umutima,ntangere n’izindi,uyo nawe akaba ari Emery Sun
qui kick ca

Aganira n’ikinyamakuru cacu ubmnnews Landry Korineza asanzwe ari muri uyo mugwi akaba yatumenyesheje ko muri kino gihe bariko barakorana na Emery Sun kandi yizeye ko igikorwa bariko barakorana kizokundwa cane

Tworangiza tubamenyesha ko uyo mugwi Qui Kick Ca slam uhurikiyemwo imisore n’inkumi z’incabwenge.