UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Vestine Nahimana arongoye ikigo CNC arababazwa n’amashusho atabereye ijisho asigaye atangwa mu makuru ya RTNB.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’ikigo c’igihugu CNC kijejwe gucungera ibinyamakuru bikorera mu Burundi, Umupfasoni Vestine Nahimana arababazwa n’amashusho adasa neza asigaye atangwa mu makuru y’iradiyo n’imboneshakure vy’igihugu RTNB.

Mu kiganiro yatanze ku bamenyeshamakuru kuri uyu wa 20 Nyakanga 2023, Vestine Nahimana yagize ati :«Umumenyeshamakuru wa RTNB nimba yaje hako amfotora nk’uko yamfotoye ejo asha nopfuma nifuka igitambara mu maso . Araza kunyumva mugabo ntambone kuko si ibisanzwe, birarenze. Hariho ukuntu muhora munyegeza abantu mu maso mukabafuka mudashaka ko le ‘public’ ibabona rero nanje muzohore mumfuka ngira vyoba vyiza gusumba»

Ivyo vy’uko amashusho atangwa muri RTNB harimwo ayaza asa nabi, biramaze imisi vyidogerwa n’abakunzi b’iyo radiyo n’imboneshakure vy’igihugu. Bakibaza ingorane aho iri kugira isambirizi ikomeye ya Leta nka RTNB ihure n’ibibazo nk’ivyo kandi ishigikirwa cane na Leta mu vya nkenerwa vyose.

Kubw’ico kibazo, Abarongoye RTNB canke umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo ivyo kumenyesha amakuru bose ntaco baragira ico bakivuzeko.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments