Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye biriko bimugora gufata ingingo yo gukura Lt.Gen.Prime Niyongabo mu mabanga yo kuyobora ibiro bikuru vya gisirikare. Bamwe mu begereye cane umugambwe CNDD-FDD bavuganye n’iradiyo RPA bavuga ko Iyo ngingo yo gukura uwo arongoye ibiro bikuru vya gisirikare yanse ko ishirwa mu ngiro kubera umushikiranganji wa mbere Lt.Gén. Gervais Ndirakobuca ngo yanse ko aterako umukono kw’iyo ngingo. Muri kino gihe, hakaba harindiriwe ko Perezida Ndayishimiye atahuka kugira hamenyekane ibigiye gukwirikira.
Nkuko tukesha iyo nkuru iradiyo Ijwi ry’abanyagihugu RPA, ngo haraheze igihe Perezida Ndayishimiye ariko agerageza gukura umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare Lt.Gen.Prime Niyongabo, umugambi ariko akorako agasha. Amakuru RPA ikura muri bamwe mu basirikare bo ku rwego rwo hejuru, amenyeshako uwo mugambi Perezida Varisito Ndayishimiye awumaranye igihe. Ivyo ngo nivyo vyatumye haba icuka kibi hagati y’umukuru w’igihugu hamwe na Lt.Gen.Prime Niyongabo arongoye ibiro bikuru vya gisirikare. Nkuko RPA ibivuga, Bimwe muvyo batumvikanako ngo akaba ari ingene igihugu gitwawe na bimwe bimwe bijanye n’inyungu zabo.
Umwe mu bakorera mu biro vy’umukuru w’igihugu amenyesha ko imbere yuko Evariste Ndayishimiye afata urugendo agana mu gihugu ca Cuba kuwa 10 Nyakanga 2023, yahamagaye uwujejwe ivy’ingendo ziwe (chef protocole) Gen.de Brigade Jules Ndihokubwayo araheza amuha urwandiko yasize asinye rwo gukura Lt.Gen. Prime Niyongabo. Ariko rero, kubw’ayo makuru nyene, Iryo kurwa rya Prime Niyongabo ryategerezwa kubanza kwemerwa na Lt.Gen. Gervais Ndirakobuca , umushikiranganji wa mbere wa Leta y’uburundi abanje nawene gutera umukono kuri urwo rwandiko. Amasoko ya RPA abandanya amenyesha ko Perezida Ndayishimiye yari yanabwiye uwo asanzwe ajejwe ivy’ingendo ziwe ko urwo rwandiko yorushira Gervais Ndirakobuca ari uko Umukuru w’igihugu yamaze gushika mu gihugu ca Cuba. Umushikirakanganji wa mbere ngo amaze gutera umukono kw’itegeko rikura Prime Niyongabo muri ayo mabanga, baca batwara bamwe mu basirikare bacungera ku kirimba kwongereza umutekano wo kw’iradiyo na Tereviziyo vy’igihugu RTNB, ariko Gen.Jules Ndihokubwayo akaba yarungitse izo ngabo kuri RTNB umushikiranganji wa mbere Ndirakobuca atarashira umukono kuri iryo tegeko.
Hagati aho, Amakuru ava mwa bamwe mu basirikare bakuru bakuru bahaye radiyo RPA ndetse akanemezwa na bamwe mu nzego zikomeye zo mw’iperereza avuga ko igihe Jules Ndihokubwayo yakora ivyo yari yasize ategetswe na sebuja, yaraziko umushikiranganji wa mbere aca atera umukono vyihuse kuri urwo rwandiko rwo kubogoza umukuru w’ibiro bikuru vy’intwaramiheto.
Ibintu ngo vyahavuye bigenda ukundi nkuko RPA ibandanya ibishikiriza, Gervais Ndirakobuca ngo ntiyemeye gusinya kuri nya tegeko ry’umukuru w’igihugu maze aca agirako abwira uwo mugendanyi wa perezida Ndayishimiye ko kubijanye n’iyo ngingo atavyo bigeze bumvikana . Aca amubwirako yorindira bakazobivugana n’umukuru w’igihugu avuye mu rugendo amazemwo imisi mu mahanga. Jules Ndihokubwayo amaze kwumva iyo nyishu, ngo yahavuye yongera abwira abasirikare bari baje gutsimbataza umutekano kuri RTNB ko bosubira ku kirimba c’umukuru w’igihugu.
Iyongerezwa ry’abo basirikare rikaba ariryo ryateye amakenga bamwe n’abandi banabonye imodoka za gisirikare zijana ibirwanisho bidasanzwe mu nyubakwa za RTNB . Ico gihe mbere, hakaba harakwiragijwe n’ibihuha vyavuga ko hoba hagomvye kuba itembagazwa ry’ubutegetsi .
Biravurwa kandi ko Lt.Gen.Prime Niyongabo yoba ashigikiwe cane n’ibihangange bitari bike vy’aba ‘géneraux’ mu gisirikare no mu gipolisi bose barwanye mu muhari CNDD-FDD utaraba umugambwe. Muri kino gihe, hakaba harindiriwe ko Perezida Ndayishimiye atahuka kugira hamenyekane ibigiye gukwirikira.
Recent Comments