Umutekano wakomejwe ku ntatemwa ya Evgny Prigozhin yahoze arongoye umuhari w’abacangero Wagner, aho abacungeye itongo ry’abapfuye Prigozhin yashinguwemwo bavuga ko intatemwa yiwe isigaye icunzwe amasaha 24 ku musi.
Abo bacungera itongo ry’abapfuye riri ahitwa Prokhorovskoe mu gisagara ca St Pettersburg bamenyesha ko ku ntatemwa ya Prigozhin hashizweho ama camera agenzura abantu bose baza kuyigendera . Ni inyuma yaho mu misi iheze icuma c’igicurarangisho ca Violin cari kw’iyo ntatemwa cibwe n’abantu batamenyekanye.
Kuva aho Evgny Prigozhin ashinguriwe, Ku ntatemwa yiwe hashizweko Violin hamwe n’igikoresho citwa Sledgehammer, vyose bikaba bifatwa nk’ikimenyetso gikomeye vya Wagner group. Ivyo navyo bikaba vyari vyashizwe ku mva ya Prigozhin akimara gushingurwa, ndetse n’ibintu vyiwe bwite yahora asigura ko ari ivy’agaciro gakomeye.
Tubibutse ko Evgny Prigozhin yapfiriye mw’isanganya ry’indege hamwe n’abandi barongozi b’umuhari Wagner hari kuwa 23 Mukakaro 2023.
Urupfu rwa Prigozhin co kimwe n’abo barikumwe mu ndege rwagiye ruvurwako vyinshi aho bamwe n’abandi bemeza badakekeranya ko ari perezida w’uburusiya Vladmir Poutine yabigizemwo uruhara runini, ni inyuma yaho Umuhisi Prigozhin ari kumwe na Wagner bari baherutse kugira imigumuko maze bamenyesha ko bagire barwanye igisirikare c’uburusiya bitewe n’amakosa uwo muhari uvuga wagiye urakorerwa n’ingabo z’uburusiya uri ku rugamba mu gihugu ca Ukraine.
Recent Comments