Umumenyeshamakuru wa Radiyo BONESHA FM, Venant Niyomwungere araye ijoro ryiwe rya mbere ryo kuri uyu wa kane mu gasho inyuma yo gufatwa aja kwumvirizwa ikiringo c-amasaha atatu. Uwo mumenyeshamakuru akaba yafashwe igihe yaragiye gutohoza ibijanye n-umuriro wadutse ahakorera BSR,muri Zone ya Buyenzi, mu gisagara ca Bujumbura.
Nkuko tubisoma ku rubuga rwa Radiyo BONESHA FM, Niyomwungere ngo yasabwe n-umwe mu ba polisi bakorera aho muri BSR amafaranga ibihumbi cumi na bitanu vy-amarundi (15000FBU) ni ukuvuga amafaranga ibihumbi cumi (10.000FBU) ngo abe ayo bita «bougie» hamwe na bitanu (5000FBU) vy-uko uwo mu polisi arare neza ico kuyamwaka yise «VIP».
Venant Niyomwungere akaba yagerageje kwerekana ikarata y-akazi imuranga , niko guca asabwa ko yotumako umwe muba murongoye kw-iradiyo kugira amwemeze, uwo nawe agiye asanga wa mu polisi yamaze gutaha. Uburero Niyomwungere akaba araye mu gasho kubera ko abamurongoye kw-iradiyo batabonanye n-uwamufashe.