Perezida Ndayishimiye asaba abajejwe intwaro n-umutekano kurikanura kuko umwansi ahiga gutera uburundi.

0

Umukuru w-igihugu c-uburundi  Varisito Ndayishimiye asaba abajejwe intwaro  n-umutekano guteramira umutekano kuko umwansi ngo ahiga gutera uburundi.  Perezida Ndayishimiye yabivugiye mu nama yakoranije abatwara intara zose zigize igihugu c-uburundi , abatwara uburere mu gipolisi  no mu gisirikare hamwe n-abo mu butungane. Iyo nama ikaba yabaye kuri uyu wa gatatu  ku murwa mukuru wa komine Mutimbuzi, mu ntara ya Bujumbura, benshi bita «bujumbura-rural».Image

Nkuko tubikesha iradiyo Ijwi rya Amerika, nuko abarongoye intara, haba mu gisirikare no mu gipolisi bemereye umukuru w-igihugu ko bagiye kurikanura , kandi ko bagavye kugira bateshe n-abarwanyi b-umuhari RED-TABARA urwanya Leta y-uburundi wama wagavye ibitero mu gihugu uturutse ku butaka bwa Congo iharanira intwaro rusangi.

Umukuru w-igihugu c-uburundi akaba yamenyesheje ko iyo nama ibaye ikamuhuza n-abajejwe umutekano, intwaro hamwe n-abo mu butungane ari iyo ku rwego rwo hejuru.