UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Ikarata iranga abarundi baba mu mahanga igiye gushirwaho guhera muri Ntwarante 2022.

UBM News ads

Ikarata iranga abarundi baba mu mahanga yiswe « Ndanga  Diaspora» igiye gushirwaho guhera kuwa 1 Ntwarante 2022 gushika kuwa 31 Rusama 2022. Biri mu rwandiko ruheruka gutangwa mu bushikiranganji bw-imigenderanire n-ayandi makungu n-abamwe mw-abo barundi baba hanze y-igihugu. Iyo karata ikazoba ifise akamaro kuko ariyo izotuma abarundi baba hanze baronswa impapuro bazoba bakeneye i Burundi hamwe no mu buserukizi bwabwo mu mahanga.Diaspora Burundi (@BurundiDiaspora) / Twitter

Ikarata iranga abarundi baba mu mahanga yiswe « Ndanga  Diaspora» igiye gushirwaho guhera kuwa 1 Ntwarante 2022 gushika kuwa 31 Rusama 2022. Biri mu rwandiko ruheruka gutangwa mu bushikiranganji bw-imigenderanire n-ayandi makungu n-abamwe mw-abo barundi baba hanze y-igihugu. Iyo karata ikazoba ifise akamaro kuko ariyo izotuma abarundi baba hanze baronswa impapuro bazoba bakeneye i Burundi hamwe no mu buserukizi bwabwo mu mahanga.

Urwo rwandiko rwerekana ko iyo karata izogurwa amadorare y-abanyamerika mirongo itanu . Ayo mafaranga nayo akazoza aratangwa buri mwaka kugira yemererwe gusubira gukora.  Akamaro kayo ngo niyo ikuranga ko uri umurundi aba mu mahanga , ikongera ikaguha uburenganzira bwo kwakirwa  mu buserukizi bw-uburundi  mu makungu.  Izofasha kandi abarundi baba mu makungu kuronka uruhusha rwo kuja mu burundi no kumarayo igihe ico bita « VISA», yongere yerekane ko ufitaniye imigenderanire myiza n-igihugu c-uburundi  kandi ko ufise uruhara mw-iterambere .

Iyo karata izotanga kandi uburenganzira bwo kwitaba amanama  n-ayandi makoraniro y-abarundi baba  mu mahanga , ikongera igatanga uburenganzira  bwo kwitura ubutegetsi  n-inzego zabwo , igatuma abajejwe imbibe baborohereza kwinjiza ivyo bakuye hanze. Ikindi, iyo karata izofasha  ni ukumenya ibijanye n-ibitigiri vy-abarundi baba mu mahanga  bafitaniye ubushuti  n-imigenderanire myiza n-igihugu c-uburundi

Urwo rwandiko rumenyesha ko mu mwaka w-2016,  Abarundi baba mu mahanga  baharurwa hafi mu bihumbi amajana atatu na mirongo itandatu na bitanu (365.000). Rwemeza ko gushika ubu mw-uyu mwaka w-2022 ,ivyo bitigiri vyiyongereye .

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments