Uwutwara igiporisi i Gihanga yaguye mu mutego w’abitwaje inkoho

0

Amasasu yarumvikanye mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri muri komine Gihanga. Yari abantu bitwaje inkoho bateze umutego mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri, nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro, ku modoka y’uwurongoye igiporisi muri komine Gihanga.

police1
Uwo arongoye igiporisi ntaco yabaye, Imana yarakinze, kuko abajejwe umutekano banyarutse gutabara, nk’uko bivugwa na Commissaire Damien NIZIGIYIMANA atwara igiporisi mu ntara ya Bubanza.

Abo bantu bitwaje ibirwanisho barasanye umwanya utari muto n’abajejwe umutekano, bakaba baciye bafata inzira yerekeza muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, baciye mw’ishamba cimeza rya Rukoko.

Ico gitero cabereye hagati y’ibarabara ry’umunani n’iry’icenda muri komine Gihanga, intara ya Bubanza