Gretta Kwizera arasaba amajwi kugira atahukane Miss Burundi

0

Gretta Kwizera n’umwe mu bigeme b’abarundikazi bariko bahiganwa n’abandi bigeme kugira barabe ko hashobora kuvamwo umwe agatahukana ihiganwa rya Miss Burundi ry’uyu mwaka,ihiganwa rigeze mu gice ca nyuma
gretta kwizera
Gretta Kwizera agasaba ko abarundi bose bomutora agatahukana iryo higanwa kuko afise imigambi myinshi kandi myiza,imigambi kuri we avugako hamwe boramuka bamutoye akayishira ahabona abantu bamwizeye boryoherwa cane kuko ari imigambi yo kubateza imbere na cane cane yo guteza imbere urwaruka rufise ingabirano rw’uburundi

Mu kumutora uyo mwigeme urungika ijambo MISSB8 mu butumwa bugufi
Ukoresha ECONET-LEO urungika ubutumwa bwawe kuri 8000
Nayo ukoresha smart canke lumitel uburungika kuri 162

Tworangiza tubamenyesha ko hazomenyekana uzotahukana iryo higanwa kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 14/8/2016