Ashley Diva na Pierrot Kwizera boba batakirikumwe mu rukundo

0

Nyuma y’imyaka igera kuri 2 barikumwe mu rukundo,umuririmvyikazi w’umurundi Ashley Diva ubu yoba atakirikumwe kandi mu rukundo n’umukinyi w’umugwi nserukira gihugu w’uburundi Intamba mu rugamba n’umugwi wa rayon sport Pierrot Kwizera nkuko amakuru ikinyamakuru cacu ubmnews dukesha bamwe mu bo dusanzwe dusangiye umwuga wo kumenyesha amakuru
diva
NKuko rero amakuru ikinyamakuru cacu gifise bivugwako vyaje kumenyekana ko ashley Diva atakirikumwe na Pierrot Kwizera nyuma yaho Ashley yaje kwandika ku rubuga rwiwe rwa facebook ko atakiri mu rukundo,nyuma yaho bamwe mu bamenyeshamakuru bakaba barashoboye kumwegera uyo muririmvyikazi kugira bamubaze ko arivyo ,Ashley Diva akaba yaravyiyemereye ko ubu atakirikumwe na Pierrot Kwizera
Mbega Ashley Diva n’umukunzi wiwe Pierrot Kwizera boba bapfuye iki?
N’inkuru tugiye kubandanya tubatohoreza