Uwuserukira Ubumwe Bwa Buraya Mu Burundi, Wolfram Vetter, Asaba Ko Uburundi Bworeka Abahinga Bigenga Bakikorera Amatohoza.

0
Wolfram Vetter, aserukira Ubumwe Bwa Buraya Mu Burundi.

Mu kwishura amajambo yavuzwe n’Umuhanuzi mu vyo kumenyesha amakuru mu Biro vy’Umukuru w’igihugu, Willy Nyamitwe, mu kiganiro yatanze itariki 3 za Rusama 2017, uwuserukira Ubumwe Bwa Buraya Mu Burundi, Wolfram Vetter, abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, yamenyesheje ko amakenga ya Willy Nyamitwe adafise Ishingiro. Wolfram Vetter asaba Uburundi ko bworeka abahinga babinonosoye bigenga kandi baharanira agateka ka zina muntu ko bokora igikorwa cabo. Vetter yamenyesheje ko amakenga ku vyerekeye ukwononekara kw’agateka ka zina muntu mu Burundi atagaragazwa gusa n’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ahubwo ko Amakungu nayo agaragaza ayo makenga.

Muri ico kiganiro yakoranye n’abamenyeshamakuru, Willy Nyamaitwe yamenyesheje ko Ubutegetsi bw’Uburundi butizeye ivyiza bizova muri raporo yabahinga ba ONU ku bijanye no guhonyanga agateka ka zina muntu mu Burundi bizoja ahabona i Geneve itariki 14 na 15 za Ruheshi 2017 imbere y’umugwi ujejwe ivy’agateka ka zina muntu. Willy Nyamitwe yagirije abahinga bigenga ba ONU kwegeranya amakuru atariyo atoragurwa bhirya no hino ku mihora ngurukana bumenyi nka WhatsApp.

Wolfram Vetter yishuye Nyamitwe ko “abahinga bigenga bokora igikorwa cabo”.

Willy Nyamitwe yamenyesheje ko muri kuno kwezi Abansi b’Uburundi bazogwiza ibitero mu kwerekana ko ata mutekano uhari mu Buruimdi. Yongerako ko abakozi ba ONU barondera gucafuza Uburundi kugira baronke raporo bashikiriza muri ONU mu kwezi kwa Myandagaro uyu mwaka kugira ibiringo vy’ubuzi bwabo( contrats) vyiyongere.

Nyamitwe abona ko abateguye iyo raporo bafise intumbero yo kwerekana ko mu Burundi ata kigenda neza bafatiye ku makuru atariyo. Nyamitwe yongeye kumenyesha ko Ishirahamwe ry’Ubumwe Bwa Buraya rirondera vyanaka vyakunda ko Uburundi bwofatirwa ibihano inyuma yaho ivya mbere binaniriwe nko kurungika inteko mvamakungu mu Burundi (MAPROBU).

Willy Nyamitwe akaba yasavye Abanyagihugu b’Uburundi ko bokwirinda bakongera bakananira akosho k’Abanyamahanga. Amashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike yegereye ubutegetsi nka IZERE na ACOPA yari yifatanije na Willy Nyamitwe muri ico kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru.