UBM News ads UBM News ads
Friday, June 21, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Uwurongoye SOSUMO avuga ko bagiye kwikora kw’isukari yo mu bindi bihugu kuko umwimbu ari muke cane.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ishirahamwe rihingura isukari SOSUMO riremera ko ryahagaritse ibikorwa vyo guhingura isukari. Iryo shirahamwe rigasigura ko ivyo vyatumwe n’imvura nyishi imaze igihe irwa iki gihe maze ica ihungabanya vyo mu mirima y’ibikaju.

Gen.Major Aloys Ndayikengurukiye arongoye SOSUMO akaba yemeza ko bategerezwa kwikora kw’isukari yo mu bindi bihugu kugira batorere inyishu y’ikibazo c’isukari. Ariko akagabisha abadandaza b’ico gicuruzwa ko batoca bikika mu kiza mu kuduza ibiciro vy’umurengera , ko kandi ko uwuzofatwa yadugije isukari ku biciro vy’umurengera azohanwa hisunzwe amategeko.

Naho Gen.Major Aloys Ndayikengurukiye avuga ko SOSUMO yahagaritse ibikorwa vyo guhingura isukari bitewe n’imvura nyishi imaze igihe irwa, Abakozi bo mw’iryo shirahamwe bobo babona ko nyabuna no kuba ivyuma bijejwe ivyo bikorwa bimaze igihe vyarapfuye bidakora, biri no muvyatumye iryo shirahamwe rihagarika bitari mu nteguro igikorwa co guhingura isukari.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments