UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Ubukene bw’igitoro ca essence na Mazout burahangayikishije abarundi iki gihe.

Hasubiye kwibonekeza kandi ibura ry’igitoro co mu bwoko bwa essence na mazout ku bubiko bwavyo (station) buri mu gisagara ca Bujumbura ndetse no hagati mu gihugu. Bamwe mu banyagisagara ca Bujumbura bavuga ko baruhijwe cane n’irisubiriza ry’ibura ry’igitoro mu gihugu.

Aho twashoboye kugendera kuri uyu wa gatanu, ni kw’ibarabara ryitwa Avenue du large ni muri zone ya Kinindo aho mu masaha yo mu gatondo aho bita kw’ikorosi. Twahasanze hari imirwi y’abantu babuze babuze ukwo biyunguruza barindiriye imiduga yunguruza abantu ibajana hagati mu gisagara ca Bujumbura. No mu kibanza bita kuri ‘pétit séminaire Kanyosha’ niko vyari vyifashe mw’ako gatondo ko kuri uyu wa gatanu.

Ku gituro c’imodoka ziduga hagati mu gihugu kiri aho bita kuri COTEBU, kuduga muri komine ya Bukeye mu ntara ya Muramvya hariko harihishwa kuri uyu wa gatanu amafaranga agera kuri 15000Fbu. Abaduga mu ntara za Gitega na Ngozi bariko barihishwa amafaranga 25000Fbu.

Jewe ariko mfise aka kabazo, Koko Leta yacu yoba yarananiwe n’iki kibazo kijanye n’isubiriza ry’ibura ry’ibitoro? Perezida Ndayishimiye yoba ariko arabona aka kajagari kari ku bituro vy’ama bus? Nkubu n’ijoro nashitse muhira hafi isaha zitanu n’igice, navuye mu kabezi nshika muri Ville isaha imwe hafi n’igice. Duca turatonda imirongo ngo turindiriye bus iza kudutora amaso ahera mu nzira. Vyabaye ngombwa ko duteranira itaxi turi batandatu mbona gushika muhira mu Carama ayo masaha nababwiye. Aha hariho abagiye n’amaguru muza Mutakura na Kamenge kubera ukubura amahera ya Taxi.Ibiriko biraba kubera ibura ry’igitoro biraduntuje nukuri» Niko umwe muba nyagisagara ca Bujumbura twavuganye yerekana agashavu afise.

Abagendesha imiduga yunguruza abantu hamwe na Taxi bikorera mu gisagara ca Bujumbura bamenyesha ko kurara kuma station vyabaye umugenzo kuko bamaze imisi itatu batondeye igitoro ariko ntibaronke kuko atakiriho kandi bavuga ko bamaze kugira agahombo kanini ndetse ugasanga haba ukutumvikana hagati y’abo n’abakoresha babo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments