UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Bunyoni yaciriwe igihano co gupfungwa ubuzima bwiwe bwose hamwe no gufata amatungo yiwe yose.

Alain-Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere yaciriwe igihano co gupfungwa ubuzima bwiwe bwose hamwe no gufata amatungo yiwe yose. Sentare ntahinyuza nirwo yaciriye uwo yahoze ari umushikiranganji wa mbere ku muhingamo wo kuri uyu wa gatanu mw’ibohero rikuru rya Gitega.

Bunyoni akaba yagiriwe n’ivyaha vyinshi birimwo kugerageza kugandagura umukuru w’igihugu hamwe no guhungabanya ubutunzi bw’igihugu.

Abandi bagirizwa mw’idosiye imwe na Bunyoni barimwo Col.de police Desiré Uwamahoro hamwe na Destiné Mpfumukeko baciriwe igihano co gupfungwa imyaka 15 y’umunyororo umwumwe wese. Nayo abandi babiri bacirwa gupfungwa imyaka itatu umwumwe wese maze uwundi umwe ariwe yahoze ari umushoferi wiwe yambikwa izera.

Sentare ntahinyuzwa ihejeje gusoma urwo rubanza, Bunyoni yavuze ko agiye kwunguruza mu yandi masentare, yagize ati :«ubutungane ntibuhereye ngaha».

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments