UBM News ads UBM News ads
Sunday, July 14, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Uwurongoye ishirahamwe ry’abagendana ubumuga bwo kugigimiza apfungiwe mw’iperereza kubera gufata amasanamu y’umukuru w’igihugu.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Uwurongoye ishirahamwe ry’abagendana ubumuga bwo kugigimiza apfungiwe mu gasho k’iperereza i Bujumbura kuva kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 10 Ndamukiza 2023. Mahoro Pacifique yafashwe yagirizwa gufata amasanamu n’amajwi v y’umukuru w’igihugu hari mu birori vyo guhimbaza umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe abagendana ubumuga ,ibirori vyari vyitabwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye.

Amakuru atangwa n’umuryango wa Mahoro Pacifique, yemeza ko uwabo yafashwe kubera ngo yafotoye umukuru w’igihugu yongera amufata amajwi mu birori vyo guhimbaza umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe abagendana ubumuga. Mahoro Pacifique yafashwe n’iperereza muri kino gihe akaba abarizwa mu gasho k’ivyo biro kari mu gisagara ca Bujumbura.

Abaryango ba Mahoro basaba ubutungane kumurekura kuko ataca kirimwo kuba yafashe amasanamu y’umukuru w’igihugu hamwe n’amajwi yiwe mu gihe yariko ashikiriza ijambo abanyagihugu ndetse ngo uwabo yari muri komite yabateguye urubanza rw’ivyo birori.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments