Umukuru w’igihugu c’uburundi arahakana ko abarundi badashonje. Mu kiganiro aherutse iradiyo n’imboneshakure vy’igihugu RTNB bise “Ikiyago na Se Barundi”, Perezida Ndayishimiye yasiguye ko iyaba abarundi bashonje, bokwivye ibiri mu mirima. Kubwa Varisito Ndayishimiye, ngo abaguma babivuga ngo ni abamenyereye gusega abagiraneza hamwe n’ababikamisha.
“Nkubu muriko muvuga inzara nk’akarorero, duga ubunyene hariya ruguru uraza gusanga ibigori vyumiye mu mirima, hari umuntu yoreka ibigori vyumiye mu mirima ashonje? Iyo haba hari abantu bapfuye n’inzara baba bariko baravyiba” Niko Perezida Ndayishimiye avuga.
Arongera ati :
“Umuntu afise umutima wo gusega ashaka gutera ikigongwe umugiraneza. Rero ugusega ni ibintu vyinjiye mu gihe twari mu magume kubera hari abagiraneza. Erega hariho n’abantu baza gukamisha ibintu vy’ubukene. Nkubu ndiko ndaraba abantu benshi bariko bavuga ivyo ni abantu b’ibinebwe bari bamenyereye ivya gusa”
Mu gihe ibiciro vy’ibipfungurwa n’ibindi vya nkenerwa vyaduze ku rugero rudasanzwe ibindi bikabura, Amajambo agenda ashikirizwa n’umukuru w’igihugu kw’ico kibazo asa nuko aba ariko akwepa ikibazo aho kiri, aho kugitorera inyishu. Ubuheruka , yaheruka gutangaza ko ata barundi bashonje kuko ngo iyaba bashonje boriye imisiba, ibikogoshi n’ ibifyera , imvugo abatari bake baneguye ndetse banafata nk’igitutsi kuko mu mico n’imigenzo vy’abarundi hari ivyo bamye bemerewe gufungura no kudafungura.