Abarongoye umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Kirundo hamwe n’abarongoye ubuzi butandukanye baturuka muri uwo mugambwe nyene bariko bashirako igikenye ku muntu wese wo mw’iyo ntara ko ategerezwa gutanga intererano y’amafaranga ava ku mafaranga ibihumbi bibiri gushika ibihumbi ijana vy’amarundi yo kwakira umunyamabanga mukuru w’umugambwe ku rwego rw’igihugu, Reveriyano Ndikuriyo.
Abasanzwe baturuka muri CNDD-FDD mw’iyo ntara ya Kirundo bariko bidoga bivuye kw’izo ntererano zo ku nguvu zigenewe kwakira Reveriyano Ndikuriyo. Umwe mu banya mugambwe bo muri komine Vumbi yavuganye n’ikinyamakuru Sos Médias Burundi yagize ati :”Amafaranga ava kuri 2000 agashika ku bihumbi 100 vy’amarundi niyo atangishwa ku nguvu . Dutanga ayo mafaranga mu minwe y’abajejwe kuyegeranya batorewe ico gikorwa. Amafaranga atandukana bivanye n’ico umuntu akora”
No ku banywanyi b’iyindi migambwe ngo nabone ntibasizwe inyuma mw’ico gikorwa nkuko amasoko aturuka mu bice bitandukanye vy’intara ya Kirundo.
“Badutegetse baciye ku ndongozi zacu gutanga intererano za CNDD-FDD . Ndatangara kuko rimwe na rimwe baraduhenda bakigira ko iyo ngingo iva mu nzego zo hejuru mu mugambwe kugira ngo habe umubano mwiza” bisigurwa n’umwe mu banywanyi bahoze mu mugambwe UPRONA yinjiye m mugambwe CNL yavuganye na Sos Médias Burundi.
Abanyagihugu hamwe n’abakozi ba Let abo mw’iyo ntara ya Kirundo bariyamiriza izo ntererano zo ku nguvu bariko baratozwa . Ivyo biriko biraba mu gihe iki gihe inzara n’ubukene vyimonogoje mu Burundi no muri iyo ntara nyene cane cane aho imiryango imwe imwe iheruka guhungira mu gihugu kibanyi c’urwanda canke mu ma komine y’intara zihana urubibe nka Muyinga na Ngozi.