Wednesday, September 27, 2023
No menu items!
HomeNewsUwurongoye iki gihe ibitaro KIRA yaratanze imihoho akaba akwirikiye n'abandi bakozi...

Uwurongoye iki gihe ibitaro KIRA yaratanze imihoho akaba akwirikiye n’abandi bakozi bamaze guta akazi baja gukorera ahandi.

Ibitaro KIRA Hospital bibandanya bica mu bihuhusi. Mu kiringo c’umwaka gusa , abakozi bari ku rugero rurenga 30% baramaze kuhava . Ubu naho hakaba hagezeho aho abategetsi bamwe bamwe b’ivyo bitaro batanga imihoho harimwo n’uwaramutswa ivy’imfatakibanza ivyo bitaro, muganga Sylvain-Pierre Nzeyimana, uwo nawe bikavurwa ko yagiye gukorera mw’ivuriro riri mu gihugu kibanyi ca Congo ryegamiye ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Iy’indwi twaraye dusozereye yaranzwe n’ihungabana ry’akazi mu bitaro KIRA biturutse ahanini kw’itanga ry’imihoho ry’agasakisaki rya bamwe mu ndongozi z’ivyo bitaro.Aha twovuga nk’itanga ry’imihoho ry’umuyobozi mukuru w’imfatakibanza, Muganga Slvain-Pierre Nzeyimana yarasanzwe ari akadasohoka na Charles Ndagijimana yihagiye ku nguvu ivyo bitaro mu kwishira mu kibanza c’umukuru w’urwego nshingwantwaro rw’ishirahamwe KIRA Hospital Swiss Clinic.

Amakuru atangwa na bamwe mu bakozi bakora kw’ivyo bitaro , amenyesha ko Muganga Sylvain-Pierre Nzeyimana akaba agiye gukorera kw’ivuriro riri mu gihugu kibanyi ca Congo , ivuriro ryegukira ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Uyundi mutegetsi yatanze imihoho muri iyo ndwi nyene ni umupfasoni Bella Irakoze yigeze kuba arongoye igisata c’intwaro imbere yuko agenwa ngo abe umufasha w’umuyobozi mukuru w’ivyo bitaro. Uyo mupfasoni yahisemwo kuja kubandaniriza imirimo mu bwigisha aho kubandanya akorera mw’ivyo bitaro bimazemwo igihe biri mu ndyane.

Ibikorwa vyo ku bitaro KIRA bikaba bimaze igihe bigoyagoya bitewe n’uko hamaze igihe havurwa ubunyonyezi bwo ku rwego rwo hejuru bw’amafaranga y’ivyo bitaro. Abagiye badomwako urutoke ni Charles Ndagijimana arongoye iki gihe urwego nshingwa ntwaro rwa KIRA hamwe n’uwo yagenye mu mabanga Muganga Syvain-Pierre Nzeyimana ,uwo nawe yagenywe bahejeje gufungisha Muganga Sahabo Christophe yahoze arongoye ivyo bitaro. Kubera izo ngorane zimaze imisi muri ivyo bitaro, Urwego rw’abanga n’ abaforoma bahakorera barataye baromoka baja kuronderera akazi ahandi hadasizwe inyuma n’abandi bakozi basanzwe nk’abafundi na bonyene bamaze gukura meza . Ivyo kandi bikaba biri mu bituma n’ivyuma vyankenerwa bidaheza ngo bironke ababikwirikiranira hafi hambavu yuko n’uburyo bwo kubikoresha busigaye bugorana kuboneka. Aha twovuga nk’ivyuma bibiri bita scanner bimaze indwi bitariko birakora . Ivyo bikaza vyiyongera ku ruhombo rutagira izina ibitaro KIRA bimazemwo umwaka urenga.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments