UBM News ads
Monday, October 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky arishimira cane kubona Uburusiya nabwo buriko bugabwako ibitero.

UBM News ads

Umukuru w’igihugu ca Ukraine amenyesha ko biri ngombwa ndetse binatahuritse kubona urugamba ruhindukiriye uburusiya. Volodymyr Zelensky akongera akavuga ko igihugu arongoye gitera gikomera ku bijanye n’urugamba. Perezida Zelensky akaba yabivuze kuri uyu w’Imana inyuma y’amasaha yarahaciye inyubako zitandukanye ziri ku murwa mukuru wa Moscou zigabweko ibitero.

Mu butumwa bwa video bwagiye ahabona kuri uyu wa 30 Mukakaro 2023, Perezida Zelensky yagize ati :«Ukraine itera ikomera cane. Urugamba ruriko rugaruka ku butaka bw’uburusiya mu bibanza bimwe bimwe bikomeye vyabwo vya kahise hamwe n’ivya gisirikare, ni intambwe ikomeye iriko iraterwa, ni ngombwa ndetse binatahuritse»
Tubamenyeshe ko mu gaturuturu ko kuri uyu w’Imana, indege zitatu za gisirikare zitagira abadereva bita «drone» zarakoze igitero ku murwa mukuru w’uburusiya i Moscou. Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’uburusiya bukaba bwaciye butangaza ko drone zibiri zononye inyubakwa zimwe zimwe i Moscou. Nayo iyindi drone ngo ikaba yarakorowe ataco ironona.

Tubibutse ko Ingabo za Ukraine zimaze imisi zikora ibitero zifashishije indege za drone ku butaka bw’uburusiya. Aha twovuga nko gutera ikiraro gikomeye co mu ntara ya crimea iheruka kwakwa igihugu ca Ukraine hamwe rero no gutera umuji wa Moscou hifashishijwe izo drone zitaboneka. Bamwe n’abandi bakwirikiranira hagufi intambara ihuza uburusiya na Ukraine babona ko woba ari uwundi mukenyuro Ukraine yatoye kugira ice intege Perezida Vladmir Poutine n’ingabo ziwe ziri ku butaka bwa Ukraine ziyirwanya.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments