UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Kenya: Bamwe mu bagore bariko bijukira kureka kubana n’abagabo maze bagashima kugura intanga z’abo kugira bironkere umwana batari ku mugabo.

UBM News ads

Bamwe mu bagore bo mu ntara ya Murang’a iherereye hagati yo mu gihugu ca Kenya bariko bijukira ku bwinshi kurondera abagabo bashobora ku batera inda, aho umugabo akwije ibisabwa baba bakeneye ahembwa ibihumbi 300 vy’amashillingi vy’amakenya, ni ukuvuga ni amafaranga yababa imiriyoni 8 z’amarundi.

Nkuko tubikesha ikinyamakuru NTV Kenya , bamwe mu bagore bo mw’iyo ntara ya Murang’a bavuga ko bahisemwo iyo nzira inyuma yo kubona ko hari abagabo bubaka ingo bagamije kubuza amahoro abagore babo, maze ngo niko kubona abo bagore bohitamwo kuvyara umwana bakiberaho bigenga ataw’ubarya umutima.

Nkuko tubandanya tubikesha ico kinyamakuru co mu gihugu ca Kenya, ngo abagabo baronderwa ni abafise imyaka iri hagati ya 20 na 40. Bafise ingeso nziza kandi banasomye amashure bihagije. Bategerezwa kuba ari beza ndetse barebare. Ikindi bategerezwa kuba batunze , hamwe rero nuko umugabo yobanza gupimwa umugera wa SIDA.

Hariho umugore yabwiye ikinyamakuru Taifa Leo , yagize ati :«Ikintu twitaho cane ni isura abana bacu bazoza bazanye isa neza. Abo bagabo bisabwa ko aba ari incabwenge kugira n’abana bazovuka bazokwitware neza mu mashure»
Mu gihe ivyo abagabo basabwe babishikije, baca basinyishwa ikindi kijanye no kwemera ko ni bamara kuronka umwana , ata kijanye n’imbanyi bazoza kubaza ko umwana niyo yavuka atazoba ari rwiwe.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments