UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Uwahoze arongoye BRB n’uwurongoye iperereza baravurwa mw’inyuruzwa ry’imiriyoni zirenga 25 z’amadorare

Imiriyoni 27 z’amadorari nta rengero ryayo rizwi.Generari Iledephonse Habarurema arongoye iperereza mu gihugu c’uburundi n’uwahora arongoye I banki nkuru y’igihugu Dieudonne Murengerantwari bakaba aribo bonyene bazi irengero ry’ayo mafaranga.

Ico kibazo c’ayo mafaranga y’agaciro yanyurujwe carabaye akananirabahinga.Mu kwezi kwa kigarama 2022 hari hasohowe imiriyoni 60 z’amadorari y’abanyamerika.ico gihe yakurwa mw’ibanki nkuru y’igihugu BRB arungikwa mw’I banki imwe y’ubudandaji iri mu gihugu ca kenya vyavurwa ko arungikwa biciye muri konte za sosiyete y’ibitoro prestige bivurwa ko umukenyezi w’umukuru w’igihugu Angelina NDAYISHIMIYE yoba afisemwo imitahe.budadakeye na kabiri mukwezi kwa ruhuhuma mu mwaka uheze wa 2023 barasubiriye basohora izindi miriyoni 63 z’amadorari y’abanyamerika zica ziba imiriyoni 123 z’amadorari y’abanyamerika mugihe mugihugu havurwa ubukene bw’amafaranga y’agaciro. Ico gihe muri BRB abakozi baratabaje.

Kubwo amakuru dukesha iradiyo ijwi ry’abanyagihugu R.P.A, itegeko ryo gusohora ayo mafaranga ryava mu biro bikuru vy’iperereza kwa generari Iledephonse Habarurema akavugako ari ibanga ry’umutekano kandi ko umukuru w’igihugu Generari Evariste NDAYISHIMIYE ariwe yabitegetse.inyuma y’impari zitari nke mubabategetsi batandukanye ba CNDD FDD, harashinzwe umurwi w,amatohoza ujejwe gukurikirana ivy’ayo mafaranga.umurwi w’amatohoza woba wasanze hariho imiriyoni 27 z’amadorari n’ukuvuga hafi imiriyaridi 80 mumafaranga y’uburundi atawukibona irengero ry’ayo.Amakuru yandi ava mu biro vy’umukuru w’igihugu avuga ko perezida Evariste NDAYISHIMIYE aza yaramaze guhabwa icegeranyo c’izo miriyaridi zazimiye ariko ko yoba yarasavye Iledephonse Habarurema gusigura iyo ayo mafaranga y’umurengera yazimanganiriye ariko akaba ata muco uratangwa.

Ni mugihe bivurwa ko ishirahamwe prestige ry’umunyarwanda Hakizimana Bonaventure ricuditse n’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu Angelina NDAYISHIMIYE ryoba ariryo ryacishwako ayo mamiriyoni y’amadorari.ntawuziko uwutwara urwego rw’iperereza generari Ildephonse Habarurema yoba yabikoze kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu canke kugatwe kiwe.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments