UBM News ads UBM News ads
Thursday, June 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

FMI ivuga ko ubutunzi bw’uburundi ko buzokwiyongera mu 2024 ku rugero rwa 4,3% ugereranije no mu mwaka wa 2023.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ikigega mpuzamakungu FMI kimenyesha ko ubutunzi bw’uburundi bugiye kwiyongera muri uyu mwaka wa 2024 ku rugero rwa 4,3% ugereranije n’urugero rwa 2,7% rwibonekeje mu mwaka uheze wa 2023. Ivyo tubisanga mu cegeranyo casohowe n’ico kigo kuri uyu wa mbere aho kimenyesha ko umwimbu mwinshi mu gisata c’uburimyi n’ubworozi biri mu bigiye gutuma ubutunzi bw’uburundi buzamuka.

Muri ico cegeranyo ca FMI, kimenyesha ko ubukene bw’igitoro bwibonekeje mu mwaka uheze wa 2023 biri mu vyatumye urugero rw’ubutunzi rutiyongera ku rugero rushimishije.

Tubibutse ko mu mwaka uheze wa 2023, urwego nshingwantwaro rwa FMI rwemeje itangwa ry’ingurane yiyaguye ku Burundi , nayo ikaba yangana imiriyoni 261.7 z’amadorare y’abanyamerika mu kiringo c’amezi 38.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments