UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Umugambwe CNDD-FDD uhamagarira indongozi kwijukira gukorera i Gitega ku murwa mukuru wa poritike.

Mumugambwe CNDD-FDD baributsa ko Gitega ari wo murwa mukuru w’igihugu ko rero indongozi zitegerezwa kuja gukorerayo.Ako kamo kakaba karaye gatewe na reveriyano Ndikuriyo umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe hari kuri uyu wa gatandatu igihe hariko hasozerwa igikorane cari catunganijwe n’uwo mugambwe mu ntara ya Gitega.

Kumusi w’ejo niho hasozerwa igisabisho c’imisi itatu ku banyamugambwe ba CNDD-FDD cariko kirabera i Gitega.Mw’ijambo ryiwe umunyamabanga mukuru w’umugambwe Reveriyano Ndikuriyo yahamagariye indongozi kwijukira kuja gukorera i Gitega. «Nagombe nsubire kwibutsa indongozi zitandukanye ko umurwa mukuru ari Gitega! Reka kwisamaza.Gukorera i Gitega ntivyatanzwe nk’impanuro ahubwo n’itegeko.Umwe wese tuguma tumuraba yizungurukira mu gisagara ca Bujumbura kandi gukorera i Gitega, burya turatanga amanota.»

Reveriyano Ndikuriyo akamenyesha ko n’aho hoba hakenye inzu zo gukoreramwo i Gitega, izo ndongozi zandikiwe gokorera i Gitega, zotuma ziba zirakorera mw’ihema mu kurundira ko ayo mazu aboneka.Yagize ati:«Tuvuze Gitega, umurwa mukuru wa poritike ni twebwe nyene tuzowubaka.Naho woza gukorera mw’ihema, abenegihugu bazoza bagusabe ijambo ariko bagire bati,aracakorera mw’ihema ariko ibiro vyiwe bizokwuzura mu mwaka uza.»

Kubwa Ndikuriyo,umukuru w’igihugu ntashobora kuba ari hafi kwuzuza ikirimba ciwe aho i Gitega hama ngo habe hakiri indongozi zidashaka kuja gukorerayo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments