Kubw-amakuru atandukanye kandi yokwizera adushikira, n-uko umupfasoni Immaculee Ndabaneze aherutse kubogozwa mu mabanga n-umukuru w-igihugu yo kuba umushikiranganji w-ubudandaji, kwunguruza abantu n-ibintu, amahinguriro n-ingenzi afungiwe mu gasho k-iperereza aho ariko arabazwa kuvyo yagirizwa.
Ayo makuru nyene Ndetse yemezwa n-ishirahamwe OLUCOME amenyesha ko uwo yahora ari umushikiranganji ariko abazwa kuvy-indege ya Leta iheruka kugurishwa kw-ishirahamwe ry-umurwizatunga w-umunya afrika y-epfo ndetse nivyerekeye inyuruzwa ry-amafaranga yaragenewe gukoreshwa mw-ifatanywa ry-amashirahamwe Air Burundi na S0BUGEA aho uwutwara ikigega kijejwe ayo mafaranga Pierre Nizigiyimana wewe amaze imisi mw-ibohero rikuru rya Mpimba.
Kuvyerekeye igurishwa ry-indege yarisigaye yarahawe ishirahamwe rya Leta Air Burundi, Immaculee Ndabaneze yoba ariko ahorwa ko iyo ndege yagurishijwe amahera makeyi ndetse ngo ko yakiriye amahera ya mbere bitaˮ avance‟ mw-iryo gurishwa agera ku madorari y-abanyamerika 50.000 aho ngo yaciye akoreshwa muvyo Leta itazi. Biremezwa ko igurishwa ry-iyo ndege ryari ryemejwe n-inama y-abashikiranganji.
Naho bitavugirwa hejuru, n-uko iyo dossiye y-indege ifunze uwo mukenyezi ndetse ikanamubogoza mu mabanga yiwe yo kuba umushikiranganji yoba ngo irimwo ibihangange bikomakomeye m-umugambwe uri k-ubutegetsi CNDD-FDD.
Recent Comments