Birashoboka ko impfungwa zikora imirimo iteza imbere igihugu zidahonyangiwe agateka?

0
Ngo abajejwe amakomine bafadikanije n’abatwara imitumba (amakaratiye), boshobora gutunganya imigambi y’ibikorwa biteza imbere igihugu hanyuma abapfungwa bakaja barabikora, nk’ugusibura imiserege  itwara amazi, ugusanura amabarabara n’ibindi ?”
 Kur’ico kibazo, umuyobozi Thérence Mbonabuca wo mu Bushikiranganji bw’intwaro yo hagati amenyesha ko “ugukoresha abapfungwa ibikorwa biteza imbere igihugu vyemewe n’amategeko mpuzamakungu ariko bikorwa hisunzwe agateka kabo  kugira ngo ntigahonyangwe.”
 Ivyo vyavugiwe mu nyigisho ishirahamwe ATCP ryahaye abarongoye abandi baba abo mu ntwaro, mu giporisi, mu bucamanza n’abandi, mu gisagara ca Bujumbura, kur’uwu wa 27 Ndamukiza 2021. Ryagarutse ku kwigenga ubuntu mu mabanga bajejwe, ariko kandi n’uguhagararira ibigize ubutunzi bwa komine no gushingura neza amakete y’akazi bidasigaye inyuma.
 Nk’uko vyashikirijwe na Mahoro Anicet, umwe mu batanze ivyigwa, “umurongozi mwiza agira ubutore bukamufasha gutwara yisunze amategeko. Aramenya ko n’urupfunguruzo rw’ibiro atari urwiwe ari urwa leta, urw’abenegihigu. Ntatwarira Ku munwa amabanga y’akazi. Ariyubaha. Akubaha n’abo atwara. Yama akora ubushakashatsi kugira akore bishasha biteza imbere akarere ajejwe. Amenya ko abenegihugu aribo bamushize mw’ico kibanza, akabakorera ivyo bamujeje atabaryagagura umutima.”