Uwahoze ari Musitanteri wa Muruta n’abo bafatanwe bagumye ku gihano c’ugupfungwa ubuzima bwose

0

Sentare isubiramwo imanza ya Ngozi yafashe ingingo y’ukugumiza mu munyororo abagabo batanu bo mu ntara ya Kayanza bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Ngozi bagirizwa ko bagerageje guhungabanya amatora y’ibwirizwa shingiro yabaye kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018.

Muri abo bafatiwe ingingo y’ukugumizwa mw’ibohero, harimwo uwahoze ari Musitanteri wa Komine Muruta, intara ya Kayanza, akaba azwi kw’izina rya KABAKA jean de Dieu.

Bose uko ari batanu bagirizwa ivyaha bigizwe n’ugutunga ibirwanisho batabifitiye uruhusha, kuba bakorana n’imirwi yitwaje ibirwanisho, hamwe n’ugushaka guhungabanya amatora y’ibwirizwa shingiro aheruka kuba mu Burundi.

Sentare ya Kayanza yari yabaciriye igihano c’ugupfungwa ubuzima bwabo bwose, akaba arico gihano nyene bagumijweko na Sentare y’iyungururizo y’intara ya Ngozi.