Papa Wemba yaraye yitavye Imana

0

Jules Hungu Wembadio Pene Kikumba abenshi bazi kw’izina rya papa wemba yaraye yitavye Imana aho yatemvye ari mw’isabukuru ryariko ribera mu gihugu ca cote d’ivoire,isabukuru rya Femua

Papa Wemba akaba yari umwe mu vyamamare mu muziki wa hano muri africa kuko ari umuririmvyi yari yariyandikishirije amateka menshi mu muziki,ndetse akaba yari yaramaze no kwifatira ibihugu bimwe bimwe vya buraya harimwo igihugu c’ubufaransa n’ibindi
papa wemba yitavye Imana

Abantu atari bake rero bakaba babajwe cane nurwo rupfu rwuyo muririmvyi Papa Wemba

Papa Wemba akaba yitavye Imana afise imyaka igera kuri 66 y’amavuko