USA: Perezida Biden yafuse ibihano Donald Trump yari yafatiye abategetsi ba sentare mpuzamakungu CPI

0

Nkuko amaze imisi abikora mu gufuta amategeko canke ingingo zari zarafashwe na Perezida Trump akiri k’ubutegetsi, Perezida wa Amerika Joe Biden yaraye afuse ubu naho ibihano vyari vyarafatiwe abategetsi b’isentare mpana vyaha CPI; murivyo bihano harimwo ukwima uruhusha umushikirizamanza mukuru w’iyo sentare Fatou Bensouda rwo kuhonyoza ikirenge k’ubutaka bwa amerika(Visa), ukufatirwa amatungo yabo;hakaba n’uwundi mutegetsi mukuru  w’iyo sentare yitwa Phakiso Mochochoko nawene yari mubafatiwe ibihano na D.Trump.

ICC prosecutor wants full probe into alleged war crimes in Ukraine | The  Times of Israel

Tubibutse ico abo bategetsi bakuru ba CPI bari bahowe na Trump kwari ukubera bariko bakora amatohoza y’ivyaha vyo mu ntambara  abasirikare ba amerika boba barakoreye mu gihugu ca Afghanistan ivyo perezida Trump atigeze yorohereza abo bacamanza ko bokora.

Mu kumenyesha iryo tangazo ry’iryo futwa ry’iyo ngingo ya Trump, umunyabanga wa Leta zunzubumwe za Amerika Antony Blinken  yavuze ati:” izo ngingo zihejeje kufutwa zatwereka ko zari zitafashe ndetse zitabereye” n’impusha z’ingendo abo bakuru ba CPI bari batswe bazisubijwe na Leta ya Biden.

Tubamenyeshe ko Biden kuva ashitse mu kirimba ca White  house kuwa 20 Nzero 2020 ariko afuta urukwirikirane rw’ingingo n’amategeko Donald Trump yashizeho aho Amerika yagiye yisokora  mu mashirahamwe mpuzamakungu  aha twovuga nko kwikura mw’ishirahamwe ry’amagara y’abantu kw’isi OMS, kwikura mu masezerano y’ibirere y’I Paris mu bufaransa, kufuta ingingo yo kukura abasirikare ba Amerika mu budagi,n’izindi ngingo nyishi amaze gufuta ,…