UBM News ads

Abanyeshure birukanywe bariko barasaba guhindurigwa umwarimu

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads
Abanyeshure 5 biga mu gisata c’indimi kuri Lycée Bubanza, barirukanywe kw’ishure kuva ku munsi wa kabiri itariki 30 Ntwarante bagirizwa ko bariko bategura imigumuko (grève)
 Intandaro ya vyose nuko abanyeshure bo muri ico gisata uko ari 22, banditse ikete bandikira abarongoye intara baranatabaza abajejwe igisata c’indero ko kuva mu gice ca mbere c’uwu mwaka w’ishure, batigishwa nk’uko bikwiye icigwa ca FPH. Ico cigwa kikaba gisanzwe gikorwa mu bibazo vya Reta biheza amashure (Examens d’Etat), bagiriza uwujejwe ivyigwa kuri iyo shure Eric Niyinzaniye, ari nawe atanga ico cigwa ko atabigisha neza.

Ngo mukubigisha amashure ane ayakoraniriza hamwe mu nyubakwa y’uburiro, agakoresha micro mu kwigisha, muri bo abenshi ngo bataha ataco batahuye.
Nubwo abo batanu aribo birukanywe, ikete ryeanditswe n’abanyeshure bose biga mw’ico gisata basaba guhindurirwa umwigisha babahe uwufise umwanya ukwiye.
Bamwe n’abandi baranegura iyo ngingo yokwirukana bamwe abandi bagasigazwa; we uyakiriye gute???
RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments