Lydia NSEKERA agiye kugaruka kwitoza mw’ishirahamwe ACNOA

0

Inyuma yo kwitoza mw’ishirahamwe mpuzamashirahamwe y’inkino  muri afrika ACNOA munyuma akahava atswindwa n’umunya Algerie Mustapha Berraf, umupfasoni w’umurundikazi Lydia NSEKERA yatangaje ko agiye kwitoza mukurongora  ishirahamwe ACNOA  mu matora ategekanijwe mw’uy’umwaka muri Rusama igenekerezo rya 24 gushika kurya 25 .Did you know Lydia Nsekera was the first woman member of FIFA's Executive  Committee? - Africa Global Radio

Mw’ikete yandikiye bagenziwe barongoye ayandi mashirahamwe y’inkino muri afrika,Lydia NSEKERA amenyesha ko ishirahamwe mpuzamashirahamwe y’inkino muri afrika ACNOA rigeze mu mayira abira ritemba ko hamwe yotorwa yohindura vyishi mw’iryo shirahamwe mu kwerekana ubushobozi bwiwe afise.

Tubamenyeshe ko mu matora yaheruka kukorwa muri ACNOA mu mwaka w’2018 umunya Algerie yitwa Mustapha Berraf yatsinze ku majwi 54 kuri 34 ya Lydia NSEKERA.

Mukusozera,Lydia NSEKERA ari mubapfasoni  kw’isi ndetse no mu gihugu bagiye barizerwa muguhabwa amabanga akomakomeye muvy’inkino aha twovuga: kuba umunywanyi w’urwego nshingwantwaro rwa FIFA, yarigeze kurongora ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi(FFB) ubu naho akaba arongoye ishirahamwe ry’inkino mu Burundi CNO.