UBM News ads

USA na Canada barajwe ishinga n’uko Uburundi bwugaye ibiro vya ONU bijejwe agateka ka zina muntu.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ibihugu bibiri vya rutura kw’isi arivyo Leta Zunze Ubumwe za Amerika na Canada vyagaragaje ko birajwe ishinga n’ingingo ya leta y’Uburundi yo kwugara ibiro vya ONU bijejwe agateka ka zina muntu mu Burundi.

Igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika kikaba camenyesheje ko mu gihe ata bajejwe agateka ka zina muntu bari mu Burundi ‘vyotuma amabi akorwa yiyongera mu Burundi’.

Igihugu ca Canada naco kikaba gisaba ko nyabuna Uburundi bwobanfdanya bukorana cane n’ibiro vya ONU bijejwe agateka ka zina muntu kubera ariyo nzira nziza yo ‘gukorana n’amakungu’ mu bijanye n’agateka ka zina muntu.

Ku wa 5 Kigarama 2018, leta y’i Bujumbura yafashe ingingo yo kwugara ibiro vya ONU bijejwe agateka ka zina muntu.

Umuvugzi wa leta y’Uburundi, Prosper Ntahorwamiye, yamenyesheje ko ivyo biro vya ONU bijejwe agateka ka zina muntu ‘ata kibanza bigifise mu Burundi kubera ko mu Burundi hatekanye’.

Bujumbura kandi yari isanzwe yagiriza ivyo biro vya ONU bijejwe agateka ka zina muntu ko bifatadikanya na wa mugwi wa ONU ukora amatohoza ku Burundi mu gusohora ‘ivyegerenyo birimwo amakosa ku Burundi’.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments