UBM News ads

US-UKRAINE:Donald Trump asaba Ukraine kwishura ubutare Amerika mu kwishura ivyo Amerika yafashije Ukraine.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Prezida Donald Trump asaba Ukraine kwishura Amerika ubutare ifise mu ntumbero yo kuriha ivyo Amerika yafashije Ukraine mu ntambara irimwo n’uburusiya.

Donald Trump agira ati:”Ukraine twayifashije vyinshi kandi tuzobandanya ariko ifise ubutare bwinshi musi y’ubutaka”rare earth minerals” turabukeneye nibabaduhe”.

Mu kiganiro ciwe n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere Donald Trump yamenyesheje ko Amerika itazotererana ukraine mu ntambara irimwo n’uburusiya haba mu buryo bwa Diplomasi canke mu buryo bw’infashanyo ariko Donald Trump yavuze ko Ukraine itegerezwa kwishura Amerika nk’ikiguzi c’ivyo Ameriko imaze imisi ifasha Ukraine.

Donald Trump yavuze ati:”Ukraine twarayifashije cane kandi nubu tukiriko ariko dushaka iduhe ubutare kuko ifise bwinshi musi y’ubutaka(Rare earth minerals)”.

Hagati Aho Prezida Zelensky wa Ukraine yaraye atangaje mu ndwi iza azohura na mugenzi we Donald Trump mu mubonano wihariye kugira baganire uko intambara ya Ukraine n’uburusiya.

Aho bigeze Prezida Zelensky atanguye kwemeza ko yiteguye kuganira na mugenzi we Prezida Putin w’uburusiya kugira iyi ntambara barimwo ihagarare.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments