UBM News ads

N’iki Kongo yiteze mu nama ya SADEC na EAC?

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

“Twiteze ko urwanda rufatirwa ibihano bikomeye,ingabo mvamakungu tutatumiye zivanwaho bwangu hamwe n’ihagarikwa ry’intambara ryihuta” ibi ni bimwe mu vyo kongo igiye gusaba mu nama ya EAC na SADEC muri Tanzaniya,Nkuko vyemezwa na Tina salama,umuvugizi wa Prezida Tshisekedi.

Ikindi nuko ata biganiro vyihariye hagati ya Paul Kagame na Tshisekedi bitegekanijwe.

Mukiganiro n’abamenyeshamakuru,Umuvugizi wa Prezida wa kongo Felix Tshisekedi Tina Salama amenyesha ko Prezida Felix Tshisekedi Azokwitabira inama ya EAC na SADEC izobera muri Tanzaniya ku musi w’ejo igenekerezo rya 8 Nzero 2025.

Tana Salama yavuze ko kongo mu vyo basaba harimwo ko Urwanda rufatirwa ibihano bikomeye kubera rwavogereye ubutaka bwa kongo.

ikindi basaba nuko ingabo mvamakungu zose zitatumiwe muri kongo zivanwaho maze hakaba ihagarikwa ry’imirwano ryihuta.

Tina salama yavuze kandi ko ata biganiro bitegekanijwe hagati ya Prezida Paul Kagame na Felix Tshisekedi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments