Umurwizatunga akomeye w’Amerika Elon Musk asabira ibihano vyihuta Julius Malema arongoye umugambwe EFF,ko hatangazwa ko ari umwicanyi mpuzamakungu amuhora gushaka kwica abazungu baba south Afrika.
Hagati aho Amerika yaraye ihagaritse imfashanyo yose iha Afrika y’epfo ibagiriza gufata nabi abazungu baba south Afrika,kwihagira amatongo yabo no kuba South Africa yasabiye ibihano Israel muri ICC kuvyaha ndengerabutungane iri gukora muri Gaza.

Icuka si ciza hagati y’igihugu ca Afrika Y’epfo n’Amerika inyuma yaho Amerika ihagarikiye imfashanyo iha iki gihugu nkuko Prezida Donald Trump yaraye asinye itegeko rihagarika imfashanyo igenewe Afrika y’epfo abahora gufata nabi abazungu baba muri south Afrika no kwihagira amatongo yabo no kuba Afrika y’epfo yasabiye ibihano Isiraheli muri sentare Mpuzamakungu mpanavyaha.
Ubu naho Umurwizatunga akomeye w’Amerika Elon Musk yaraye asabiye ibihano vyihuta umukuru W’umugambwe EFF w’afrika y’epfo Julius Malema.
Elon Musk abicishije kuruba rwiwe rwa X yavuze ko Julius Malema akwiye gufatirwa ibihano vyihuta no gutangaza ko Julius Malema ari Umwicanyi mpuzamakungu.
Elon Musk amwagiriza video yagaragaye mu mwaka wa 2023 yagaragaza Julius Malema avuga ko abazungu baba muri Afrika y’epfo bakwiye kwicwa.
Mu mugambwe EFF mw’itangazo baraye basohoye bavuze ko Elon Musk n’abamushigikiye bose baba ababa south Africa,Amerika,israel bose bakwiye kuja mu kuzimu.
Mu mugambwe EFF bagiriza Elon Musk gutwaza igitungu no gushaka kwifatira ibihugu vya Afrika yishimikije ubutunzi afise ariko ko Bazobandanya guhangana n’ibihugu vyo muburengero bw’isi bashaka kwigarurira Afrika ku nyungu zabo.
Kubwa Julius Malema avuga ko Elon Musk adakomeye neza mu mutwe mbere yemeza ko azobandanya guharanira ukwishira n’ukwizana kw’abanyafrika.





Recent Comments