“Ndasaba Imana kurungika ibiza bidahera mu rwanda,imvura nyishi,amazu asiduke,inkukura nyishi,isitagurika ry’imisozi,za nyamugigima,diarhée ibice bicike mu rwanda” aya n’amasengesho Pasteur Pascal Mukuna akomeye i kongo yasenze ku musi w’ejo mu masengesho yatunganijwe mu gihugu cose mu kwereka Imana amabi urwanda ruri gukora i kongo.

N’umupastori Pasteur Mukuna yamenyekanye cane i kongo wo mw’ishegero”Assemblée Chretienne de Kinshasa,ACK)aho ku musi w’ejo yasenze Imana ayisaba kurungika imivumo ku rwanda.
Mu masengesho yiwe yavuze ati:”Ndasavye Imana irungike inkukura mu rwanda,za nyamugigima,amazu asitagurike,habe ibiza bitavanako,diarhée ibice bicike mu rwanda.
Aya masengesho yaraye abaye ejo kw’igenekerezo rya 9 Ruhuhuma 2024 mu gihugu cose ca kongo kugira basengere igihugu ca kongo ku mabi urwanda ruri gukora muri kongo.
Nkuko vyaherukwa gushikirizwa n’umushikiranganji w’ubutungane Constant Mutamba,ayo masengesho bayakoze kugira basengere igihugu maze amashikanwa azovamwo ashigikire ingabo za kongo(FARDC) na wazalendo bahanganye n’umuhari m23.





Recent Comments