UBM News ads

Urwego rw’abashingantahe bo kumugina rwasubiriwe n’Abahuza. Mubona vyari bikwiye ?

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ivyo n’ibiri mw’itegeko ryo kuwa 23 nzero 2021 ryunganira itegeko rica imanza z’amatati muvyerekeye inama zo ku mitumba. Ico gikorwa co guhuza abatase cahora gikora kuva kera na rindi ku ntwaro z’abami n’urwego rw’Abashingantahe rwari rukomeye gushika k’Umwami yari umucamanza mukuru.

A counsel of the Bashingantahe (roughly meaning wisemen) meeting to settle a dispute in their commune. The Bashingantahe, a traditional court system, have been successfully resolving disputes concerning the civil war and issues of forgiveness and acceptance. Ruyigi, Burundi

Intwaro za Républika zije naho urwo rwego rukaba rwaracumbagiye kuko haciye haza abacamanza baciye mu mashure bazi gusoma no kwandika no kubika amadosiye. Ariko Abashingantahe bagumye bakora ku mitumba naho imigirwa yo kwatirwa yatitutse benshi bakitiranya umushingantahe n’umugabo yubaste canke akuze canke afise amafaranga menshi.

Urwo rwego intwaro ya CNDD-FDD yaje itagwemera gose gushika aho abari mur’uyo mugambwe biyita ko ari abagabo. Benshi mur’aba banywanyi b’umugambwe CNDD-FDD bagahora Abashingantahe ko ataco bavuze mu matati yabaye m’Uburundi mu gihe c’intambara no karenganyo. Ariko hakaba kandi abariko baranagura urwego rw’abashingantahe bagatanga inyigisho mbere bamwe bakavaho barahiye gukurikiza iryo banga ryo kuba imvugakuri mu gutatura amatati.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments