Bwabundi Christa Kaneza ntiyabaye agisohoka ibohero

0

Mu gihe umuryango w’umugabo w’umupfakazi Christa Kaneza wariko urashimira Leta nkozi ko umu mu mupfasoni w’umupfakazi w’imyaka 18 sentare nkuru ya Muha yafashe ingingo yo kumurekura ivyagateganyo kur’uyu wa gatatu, Christa Kaneza ntiyabaye agisohoka ibohero nkuru ya Bujumbura batazira Mpimba ari muri zone Musaga.

Ikete ryo kumurekura ryabaye rigishika mw’ibohero rikuru rya Mpimba haciye hatangwa irindi tegeko yuko adasohoka iryo bohero mbere n’abakozi biperereza bakaba barahishikiye kugira bamenyeshe abarongoye iryo bohero ko hataragera ko asohoka.

Benshi bakaba bibaza aho ayo mategeko ava yo kubuza uyo mupfasoni yonsa ko asohoka aje kwonsa umwana wiwe afise amezi abiri. Umugabo wiwe Thierry Kubwimana akaba yarasiwe muhira iwe muri karitiye Gasekebuye mu kwezi kwa munyonyo 2020.

Christa Kaneza nawe aza guhagarikwa mu kwezi kwambere 2021. Thierry Kubwimana akaba yarahejeje kuva mu kazi k’ishirahamwe ry’abarusiya ridandaza amabuye y’agaciro. Christa Kaneza akaba yaciye yagirizwa kuba yarateguye igandagurwa ry’umugabo wiwe ariko nta vyemeza bishemeye abarundi bararonka mu gihe bari bakiri abageni. Mwomenya ko aba bageni bose base babo ari abasirikare bahoze mu gisoda ca kera ex FAB.