UBM News ads

Abasirikare bane b’Abarundi baguye mu mirwano muri Somalia

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umurwi w’intangondwa z’aba islamu, Al Shabaab, uvuga ko wishe abasirikare bane b’Abarundi muri Somalia mu gitera wakoze mu masha 24 aheze.

Ku makuru ashirwa ahabona n’ibinyamakuru vyo muri Somalia, umurwi Al Shabaab ukavuga ko wishe abasirikare bashika ku 20 harimwo Abrundi bane bari muri AMISOM.

Ico gitero nk’uko ibinyamakuru vyo muri Somalia bibivuga, cabereye mu karere abasirikare b’Abarundi barimwo ariko Jowhar, Middle Shabelle.

Naho ata makuru arashirwa ahabona, uwo muhari Al Shabaab uvuga ko ariwo wakoze ico gitero.

Abakomeretse hamwe n’ivyonokenekaye muri ico gitero cabaye mu masaha 24 aheze bikaba bitarashirwa ahabona na AMISOM Somalia.

Abasirikare b’Abarundi muri Somalia barabangamiwe cane muri iyi misi ya vuba n’ibitero.

Abatari bake baravuze ko abo basirikare b’Abarundi ata bikoresho bafise bigezweho vyo kwivuna umwansi ariwe Al Shabaab igihe batewe gutyo bakama barwa muri izo ntureka.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments