UBM News ads UBM News ads
Sunday, July 14, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Urwaruka rwo muri Komine Nyabiraba ruhamagarirwa kwinjira igisirikare n’igipolisi-Gelase Ndabirabe

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’inama nshingamateka Daniel Gélase Ndabirabe atera akamo urwaruka rwo muri komine Nyabiraba kwinjira igisirikare n’igipolisi kuko ariho hasigaye ubuzi.Ibi yabivugiye muri komine Nyabiraba kuri uyu wa gatandatu mu bikorwa rusangi.


Gélase Ndabirabe yarabajije igituma abavyeyi batarungika abana babo kwinjira igisirikare n’igipolisi kandi ariho hasigaye ubuzi.agira ati:«Bantu bo mu nyabiraba mu gisirikare n’igipolisi barababwira bati rungika abana banyu ariko igitangaje ntabo tubona.kuki mutarungika abana banyu mu gipolisi kandi ariho hasigaye ubuzi.»

Ndabirabe yaribukije kandi ko atakwijajara ngo umutekano urahari.agira ati:«iyo wumvise mu mubiri ata kintu gikakaza ukumva ari sawa,menya yuko microbe ziriko zirategura.umutekano ijana kw’ijana ntubaho.mugabo wame uzi yuko kubera ko umutekano utabaho 100%,nimba wew ufise umutekano 60% menya ko 40% umwansi ariko arategura.niko bimeze mubifate uko.rero hano iyo bababwiye inyabune muce mwumva ivyarivyo umutekano urararirwa.»

Gelase Ndabirabe arakunze gutera akamo urwaruka kwinjira igisirikare n’igipolisi ariko bamwe murwaruka bakagira ubwoba kubera ibivugwa mugisirikare ko bajanwa muri Kongo kurwana n’umuhari M23 urwanira mu buseruko bwa Kongo mugihe bagenda n’imiryango yabo itabizi abandi nabo bagapfirayo imiryango yabo ntimenyeshwe ko ababo bapfuye.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments