UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Leta y’urwanda Ntishigikiye na gato iciyumviro c’ubumwe bw’Afrika mu gushigikira Inteko za SADC(SAMIDRC) ziri muri KONGO

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Leta y’urwanda imenyesha ko idashigikiye na gato ubumwe bw’Afrika mu gushigikira inteko z’abasirikare za SADC zihurikiye muri SAMIDRC kuko bakorana n’imirwi y’iterabwoba nka FDLR n’abacangero(mercenaires)b’I burayi. Ibihugu vy’uburundi na Afrika y’epfo bikaba biri ku rutonde rw’ibihugu bishigikiye ibikorwa vy’inteko za SAMIDRC.


Mw’ikete bandikiye Uwurongoye comisiyo y’ubumwe bw’Afrika Moussa Faki Mahamat,Leta y’urwanda imenyesha ko irajwe ishinga n’ukuntu inteko za SADC zikorana n’iyindi mirwi y’abarwanyi ishigikiye igisoda ca Kongo nka FDLR n’abacangero bavuye I burayi.kubw’ivyo SADC ntishobora gushigikira umugambi wa politike wo gutorera inyishu indyane ziri mukarere k’ubuseruko bwa Congo.

Mu Kwezi guheze ku wa 18 Ruhuhuma, Umukuru w’igihugu c’uburundi ari kumwe na bagenzi we ba RDC,Prezida Felix-Antoine Tshisekedi na Prezida Cyril Ramaphosa wa Afrika y’epfo barakoze umwiherero i Addis-Abeba iyo basanzwe barahuriye mu bikorwa vy’inama igira 37 y’ubumwe bwa Afrika.

Abo bakuru b’ibihugu uko ari batatu bakaba bahuye mu ntumbero yo kwigira hamwe ingene horungikwa inteko zihurikiye mw’ishirahamwe SADC(SAMIDRC) hamwe n’ingene hoba ugukwirikirana n’ukugenzura neza ku rubuga,ubutumwa bwo kugarukana amahoro n’umutekano,izo nteko za SAMIDRC zifise mu gace k’ubuseruko bwa RDC.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments