UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Urwanda rwashizwe ku mwanya wa mbere mu bihugu vyubahiriza amategeko biri musi y’ubugararwa bwa Sahara.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Icegeranyo ngarukamwaka c’ishirahamwe mpuzamakungu ‘World Justice Project’ rikorera mu bijanye n’uko ibihugu vyubahiriza amategeko, cashize igihugu c’urwanda ku mwanya wa mbere mu bihugu 34 bigice agace ka Afrika yo musi y’ubugararwa bwa Sahara, ni mu gihe Igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo caje ku mwanya wa nyuma ku rwego rw’isi.

Ico cegeranyo ca WJP co mw’uy’umwaka wa 2023, kigaragaza ko igihugu c’urwanda kiza mu bihugu vya mbere aho ibipimo vy’iyubahiriza amategeko vyaguze. Mu bihugu 144 WJP yakoreyemwo ubushakashatsi, ibigera kuri 59% amanita yavyo yaragabanutse ugereranije ku mwaka uheze wa 2022. Ivyo bikaba vyatumye mu bijanye n’iyubahirizwa ry’amategeko ku rwego rw’isi urwanda ruza ku mwanya wa 41 mu bihugu 142 vyakozweko ubushakashatsi na WJP.

Mu gace ka Afrika yo musi y’ubugararwa bwa Sahara, Urwanda ruza ku mwanya wa mbere mu bihugu 34 biri mw’ako gace, rugakwirikirwa na Namibie hamwe n’izinga rya Maurice. Afrika y’epfo ku rwego rw’isi iza ku mwanya wa 56 mugabo mw’ico gice ca Afrika ikaza ku mwanya wa gatanu. Ethiopie nayo iza ku mwanya wa 30 nayo Nigeria ikaza ubwa 33. Ibihugu biza ubwa nyuma mw’ako gace ni:Mauritanie, Cameroun hamwe na Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo iri ku mwanya w’138 ku rwego rwo kw’isi.

Tubamenyeshe ko Icegeranyo ca World justice Project gisanzwe gikora urwo rutonde harabwe ku kuntu inzego z’igihugu zishirwaho, kuba hatarangwa igiturire, umutekano n’ituze mu ba nyagihugu,iyubahirizwa ry’amategeko, ubucamanza ku banyagihugu ndetse n’uko ubucamanza bukora ku vyaha biba vyakozwe.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments