UBM News ads UBM News ads
Tuesday, May 28, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Abdou Dieng arongoye ibisata vya ONU bikorera mu Burundi yemeza ko abakozi ba Leta bahembwa nabi ariyo mpamvu bahitamwo kuja gukorera mu bindi bihugu.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Uwuserukira ibisata bitandukanye vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bikorera mu Burundi aremeza ko abakozi ba Leta bahembwa imishahara y’intica ntikize ko ariyo mpamvu bamwe muri bo bahitamwo guheba akazi bakaja gukorera ahandi babona bafatwa neza mu guhembwa. Abdou Dieng yabivugiye kuri uyu wa gatatu mu kiganiro n’abamenyeshamakuru igihe hariko hahimbazwa umusi mpuzamakungu wahariwe ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Mw’ico kiganiro, Abdou Dieng ntiyariye umunwa mu kwemeza ko mu gihe ikibazo c’imishahara y’intica ntikize kitazoba kiratorerwa umuti, bizokwama gutyo. Kubwiwe, nta muntu yo kwiga kaminuza hanyuma agahembwa ubusa yokwemera kuguma akorera igihugu ciwe naho yoba agikunda urwo kucigura. Abdou Dieng yagize atya:«Abakozi ba Leta bahembwa nabi ntibagikorera igihugu ubu bahitamwo kuja gukorera ahandi»

Tubamenyeshe ko ico kibazo c’abakozi bata ubuzi bwa Leta bakaja gukorera mu bindi bihugu kirajwe ishinga na Leta iki gihe. Ubuheruka, inama nshingamateka yarakoranye itumyeko umushikiranganji w’amagara y’abantu kugira yisigure ku kibazo kijanye n’abaganga baguma bata ubuzi bwa Leta maze bakaja gukorera mu bindi bihugu vya buraya ndetse n’ivyo muri Afrika.Ico gihe, Umushikiranganji Sylvie Nzeyimana yaremeye ko abaganga bagera 130 nibo bamaze guheba ubuzi bwa Leta bigira gukorera mu bindi bihugu. Uwo mushikiranganji ariko akaba yaramenyesheje ko bariko bakora ibishoboka kugira abo baganga baronswe umushahara utuma bataguma baja gukorera hanze y’igihugu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments