UBM News ads
Sunday, December 3, 2023
No menu items!
UBM News ads

«Guhera mu mpera z’uy’umwaka, nta mu nya Afrika numwe azoba agisabwa Visa yo kwinjira muri Kenya»Perezida William Ruto.

Umukuru w’igihugu ca Kenya William Ruto amenyesha ko kuva mu mpera z’uy’umwaka wa 2023 agiye gukuraho Visa kuba nya Afrika bose bipfuza kwinjira mu gihugu ca Kenya. Perezida wa Kenya yabitangarije mu nama ijanye n’ivy’amashamba yaraye ibereye mu gihugu ca Congo Brazaville kuri uyu wa 28 Gitugutu 2023.

Mw’ijambo ryiwe, Umukuru w’igihugu ca Kenya yamenyesheje ko isabwa rya Visa mu kwinjira mu bihugu bigize umuryango wa Afrika bihungabanya urucuruzwa mw’uwo mugabane , ko ariyo mpamvu igihugu ciwe kigiye gukuraho izo ntambamyi kugira abanya Afrika bose binjire atakirinze gusabwa na kimwe mu gihugu ca Kenya.

William Ruto yagize ati :«Turiko tugana ku nzira ijanye no gukuraho Visa Hagati yacu. Guhera mu mpera z’uy’umwaka, nta munya Afrika numwe azoba agisabwa Visa yo kwinjira muri Kenya»

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments