UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Urwanda rwashirwa mu bihugu bitanu vya Afrika bifise abanyagihugu babayeho neza.

Igihugu c’urwanda gishirwa ku mwanya wa kane mu bihugu bifise abanyagihugu babayeho neza ku mugabane wa Afrika (Best quality of life) ,ivyo tubisanga ku rutonde rwakozwe n’urubuga Monkey Insider rusanzwe rusesangura amakuru ajanye n’ubutunzi hirya no hino kw’isi.

Urwo rutonde rwakozwe hifashishijwe ibiharuro vya vuba vy’amashirahamwe mpuzamakungu ajejwe ivy’ubutunzi n’iterambere nk’ibanki y’isi, FMI, BAD, PNUD,…

Hakaba harabwe inkingi zitatu kugira ngo ibihugu bihabwe amanita, aho inkingi ya mbere yarabwe ari iyijanye no kwubaka umunyagihugu ashoboye (Human development index), iyo nkingi nayo ihagaze cane ku bijanye n’iterambere ry’ubuvuzi mu gihugu, indero, icizere co kubaho ku banyagihugu hamwe n’imigambi rero igamije guteza imbere imibereho myiza.

Inkingi ya kabiri yarabwe ni iyijanye n’ubutunzi aho hitabwaho mu kuraba ibijanye n’iterambere n’ubwisanzure bwo gukora urudandazwa mu gihugu, amategeko n’ibindi vyorosha urucuruzwa.

Inkingi ya gatatu ari nayo ya nyuma yarabwe, ni iyijanye n’imigambi myiza yashizweho iraba cane ukwo ibisata vya Leta bikora, uko abakozi ba Leta bafatwa, ishirwaho ry’amategeko hamwe na politike zitandukanye n’uburyo Leta ishira inguvu mu guharanira ko vyubahirizwa.

Inyuma yo kuraba ivyo vyose, Ku rutonde rw’ibihugu 12 vyagaragaye ko bifise abanyagihugu bavyo babayeho neza muri afrika, Igihugu c’urwanda caje ku mwanya wa kane. Ku mwanya wa mbere muri ico cegeranyo, haza izinga rya Maurice, Ubwa kabiri hagakwirikira Botswana, Seychelles ikaza ubwa gatatu nayo Namibia ikaza ku mwanya wa gatanu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments