UBM News ads UBM News ads
Friday, June 21, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Indege ya Congo yarizanye ikiziga c’umusirikare w’uburundi hamwe n’abandi bakomeretse yarihenze mu kibanza irwiramwo.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Kuri uyu wa gatanu, Indege yo mu bwoko bwa kajugujugu ya Congo yahora irwa ku kibuga ca gisirikare kiri mw’ikambi ya Gakumbu yarizanye ikiziga c’umusirikare w’uburundi hamwe n’abandi bakomerekeye mu ntambara , yaraguye habaye ukwihenda ku kibuga c’indege citiriwe Melchior Ndadaye, ivyatangaje abantu benshi bakorera kw’ico kibuga c’indege ca Bujumbura kuko ngo batari bamenyereye kubona ivyo vyaraye bishitse.

Iyo ndege ya gisivire ya kajugujugu ikaba yaje iva mu gihugu kibanyi ca Leta yaguye ku kibuga c’indege Melchior Ndadaye kuri uyu wa gatanu nk’igihe c’isaha zine z’umutaga aho yarizanye isandugu irimwo ikiziga c’umusirikare yiciwe ku rubuga rw’intambara hamwe n’abandi bane bakomeretse. Amakuru twahawe na bamwe bakorera kw’ico kibuga c’indege avuga ko abakozi b’ishirahamwe Burundi Airlines bafashije iyo ndege baciye bashira iyo sandugu kuri kamwe mu twumwa dufasha kwunguruza ibintu bita ‘chariot’ mu gifaransa maze ico kiziga gica kijanwa mw’ikambi yahoze yitwa Gakumbu isanzwe ibikamwo indege z’intambara muri kino gihe ikaba yitwa BAB (Base aérienne de Bujumbura).

Abasirikare bane nabo bakomeretse bazanywe n’iyo ndege baciye burizwa imodoka y’ishirahamwe Burundi Airlines baca bajanwa na bonyene muri iyo kambi ya gisirikare .

Ayo masoko yacu ava ku kibuga c’indege Melchior Ndadaye abandanya amenyesha ko iyo kajugujugu yahamaze umwanya muto maze ica iraguruka isubira iyo yaje iva.

Abakorera mw’ico kibuga c’indege ca Bujumbura bamenyesha ko iyo ndege ya Congo yaguye kuri ‘piste’ ya gatatu biturutse kukudatahurana neza mu guhana amakuru hagati y’umudereva wayo hamwe n’abakozi bakora mu gisata co kuyobora indege ico bita ‘tour de contrôle’ mu rurimi rw’igifaransa.

Bamwe mu basirikare bavuganye na UBM News bemeza ko indege zose zizanye ibikoresho vya gisirikare canke izifasha mu bijanye no mu butabazi zikaba zirwa mw’ikambi ya gisirikare ya Gakumbu ibikwamwo indege hamwe n’ibindi bikoresho vyo mu ntambara.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments