UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

RDC: Ingabo za SADEC zatanguye kurungika ibikoresho muri Congo zizokwifashisha mu kurwanya M23.

Ingabo z’umuryango w’ibihugu vya Afrika y’ubumanuko SADEC zatanguye kujana muri Congo ibikoresho vya gisirikare zigiye kwifashisha mu guhangana n’umuhari M23, Ivyo ubutegetsi bwa Congo bwishimiye ko izo ngabo zigiye gukora ibikora inka ivyo buvuga ko vyananiye ingabo za EAC.

Nkuko dukesha iy’inkuru ikinyamakuru co muri Uganda Chimpreports, SADEC yatanguye kwegeranya ibikoresho vyayo vya gisirikare igiye gukoresha mu guhangana na M23 nkuko iheruka kuvyiyemeza aho ndetse mu ndwi twatanguye bitegekanijwe ko abasirikare bayo ba mbere bazoba bashwaye igihugu ca Congo.

Leta ya Congo yikoze ku ngabo za SADEC inyuma yaho imenyeshereje ko itagikeneye ku butaka bwayo ingabo za EAC hamwe n’iza MONUSCO kuko ngo vyagaragaye ko ataco ziriko zikora mu kubuza umuhari M23 mu kubandanya wigarurira uburere bwinshi bwo mu ntara ya Kivu y’uburaruko. Bikaba bitegekanijwe ko mu ntango z’ukwezi kwa kigarama kugiye gutangura, ariho ingabo z’iyo miryango zizoba zitanguye kuva ku butaka bwa Congo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments