Urwanda ruvuga ko Uburundi bwanse ubutumire bwo kubana neza

0

Mu gihe hakomeje kuvugwa icuka kibi hagati ya reta y’i Gitega na reta y’i kigali kuber ikibazo c’impunzi z’Abarundi, Urwanda ruvuga ko Uburundi bwanse ubutumire bwo kubana neza.

Ivyo bikaba bishirwa ahabona n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’Urwanda, Vincent Biruta, aho avuga ko naho Urwanda rwagaragaje ko rushaka kugarukana imigenderanire myiza n’Uburundi ata gushaka kuva i Gitega.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, Vincent Biruta yishuye ku birego vy’Uburundi bivuga ko Urwanda rwafashe bwa ngwati impunzi z’Abarundi zihamaze imyaka itanu, maze akavuga ko uko bigaragara nta gushaka kuhari ku Burundi bwo kubana neza n’igihugu c’Urwanda.

Urwanda ruravuga ko rwiteguye gukomeza kubana neza n’ibihugu vyose na cane cane ivyo mu karere ka EAC, niko Biruta yavuze.

Ivyo biri uko mu gihe mbere umukuru w’igihugu c’Uburujdi yahakanye ko atazokwigera abana neza n’ibihugu vyigira ‘abiyorobetsi’.

Ndayishimiye Evariste kandi yavuze ko ibihugu vyahaye indaro impunzi z’Abarundi vyazigize inyagano, abihweza uko yavuze bakabona ko Ndayishimiye Evariste yariko avuga igihugu c’urwanda.