Sunday, March 26, 2023
HomePoliticsUrwanda rutegerezwa guha uburundi abagirizwa gutembagaza ubutegetsi mu 2015 (Albert Shingiro)

Urwanda rutegerezwa guha uburundi abagirizwa gutembagaza ubutegetsi mu 2015 (Albert Shingiro)

Abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi kuwa 13 Rusama 2015 bahungiye mu gihugu c’urwanda ngo bategerezwa guhabwa Leta y’uburundi. Bishikirizwa n’umushikiranganji w’uburundi ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu. Albert Shingiro yemeza ko imigenderanire hagati y’uburundi n’igihugu c’urwanda iriko iranaguka afatiye ku kuntu umukuru w’igihugu c’urwanda Paul Kagame aherutse kugendera uburundi hari mu ndwi iheze mu nama idasanzwe y’abakuru b’ibihugu bigize umuryango wa EAC aho bariko biga ikibazo c’umutekano muke uri mu buseruko bwa Congo.

Naho biri uko, Albert Shingiro agasigura ko hakiri agahaze kuko uburundi bubandanya busaba igihugu c’urwanda kurungika abarundi bagirizwa gutembagaza ubutegetsi kuwa 13 Rusama 2015 bahungiye mw’ico gihugu. Umushikiranganji Shingiro akaba yabishikirije igihe yariko arashira ahabona ivyaranguwe n’ubushikiranganji arongoye kuri uyu wa kane.

Kw’ico kibazo kijanye no gutanga abarundi bagirizwa gutembagaza ubutegetsi bari mu Rwanda, Leta y’urwanda yatangaje ko Ico kibazo c’abo barundi kitaberekeye kuko abo barundi baza bari mu minwe y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryitaho impunzi kw’is HCR ko babakeneye bobasaba iryo shirahamwe.

Must Read