UBM News ads

RDC:Inama nshingamateka isaba Perezida Tshisekedi gufatira ibihano ingabo za EAC hamwe zoguma zireka kurwanya M23.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’inama nshingamateka ya Congo asaba Perezida wa Congo, akaba ari n’umukuru w’ingabo , Felix Tshisekedi gufatira ibihano ingabo z’umuryango wa Afrika y’ubuseruko EAC ziri mw’ico gihugu mu gisagara ca Goma kuko zitariko zifasha Leta mu kurwanya umwansi , ko ahubwo ziriko ziriko zishigikira umwansi ariwe M23.

Mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru mw’iy’indwi turiko tusozera aho yarikumwe n’abandi bategetsi barimwo umushikiranganji wo kwivuna abansi, Christophe Mboso Nkodia yavuze ati :”Mu gihe vyoshika ingabo za EAC zonanirwa kudufasha kurwanya umusotoranyi, zigashimishwa no kworohereza canke gufasha abansi bacu, tuzosaba umukuru w’igihugu gufata icemezo gikwiye”

Uwo arongoye inama nshingamateka ya Congo yatangaje ayo majambo inyuma yo kugaragaza ko ari ikibazo gikomeye kuba ingabo za EAC zigenzura ibice umuhari M23 wari warafashe maze ntiziwurwanye.
Mu nama iherutse kubera I Bujumbura mu Burundi mu ndwi iheze, Abakuru b’ibihugu bigize umuryango wa EAC basavye Leta ya Congo kworohereza ingabo za Uganda niza Sudani y’epfo kwinjira mu ntara ya Kivu y’uburaruko kugira ngo zitangure ubutumwa zahawe na EAC.

Ariko Leta ya Congo yo yemeza ko M23 yanse kwubahiriza ivyari vyumvikanywe vyo kurekura ibico vyose yigaruriye gutyo ingabo za EAC ariho zari zikwiye kuyirwanya bikomeye. Nivyo Perezida Tshisekedi aherutse kwumvikana ariko abwira umukuru w’izo ngabo, Umunyakenya Lt.Gen Jeff Nyagah igihe nawene yari i Bujumbura .

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments